20/04/2025
๐ ๐๐ช๐จ๐๐ฉ๐๐ฃ๐ฉ๐๐ง๐ ๐ฌ๐ ๐๐ค๐ข๐๐ฃ๐ ๐๐ช๐๐ช๐ฉ๐ ๐ฎ๐ค๐๐ ๐๐ ๐ค๐ง๐๐ง๐ ๐๐?
Indongozi za Komine zisabwe gusubira gukorera akazi kazo ku biro vya komine biri ku mugwa mukuru wa Komine , zigatunganiriza abenegihugu nk'uko bitegerezwa.
Kuri uwu wa gatandatu, igenekerezo rya 19/4/2025, Umunyamabanga ntayegayezwa mu Bushikiranganji bw'Intwaro yo hagati mu gihugu, interambere rusangi n'umutekano, Ndarufatiye Thรฉophile, yarishikiye muri Komine , mu ntara ya .
Imvo y'urwo rugendo, ngo yari agiye gusubiza ku kivi Musitanteri w'iyo Komine yari amaze igihe yidogerwa n'abenegihugu bo mw'iyo komine kuko atari agitonda ku mugwa mukuru w'iyo Komine .
Umunyamabanga ntayegayezwa yabanje kugiriranira inama n'indongozi zitandukanye zo mw'iyo komine, kuva ku mutumba gushika ku bahanu*i ba Musitanteri hamwe n'abaserukira ubu*i mw'iyo Komine, akaba yabahanuye kwitaho abenegihu kuko ari na co batorewe.
Mw'iyo nama nyene niho abenegihuhu bemeza ko Musitanteri atagitonda ku biro biri ku mugwa mukuru wa komine , ngo ahubwo wewe asigaye akorera ku bindi biro biri mu . Uravye urugendo umwenegihugu agira kugira yiture Musitanteri, ngo agasanga ibiro birugaye ngo ni ikintu kibabaje cane.
Ndarufayiye Thรฉophile yaciye ategeka Musitanteri w'iyo Komine ko abwirizwa kwama atonda ku biro vya komine biri i , amubwira ko amenyako ata biro biri mu , ko abwirizwa gutunganiriza abenegihugu afadikanije n'abahanu*i biwe bose.
Inyuma y'iyo nama, Umunyamabanga ntayegayezwa yaciye amusubiza mu biro, anamubwira ko adakurikije izo mpanuro izindi ngingo zizoca zifatwa.