16/07/2026
Kuri uyu wa 14 Mukakaro 2026, Umushikiranganji wa mbere, Nestor Ntahontuye, yaratanguje ku mugaragaro igikorwa ca rusansuma y’amatongo, ibibanza biri mu bisagara hamwe na benevyo.
Mw’ijambo ryo gutanguza ku mugaragaro ibikorwa, Umushikiranganji wa mbere yibukije ko iterambere ry’ibisagara ridashobora gutegurwa neza hatari amakuru akwiye kandi yizewe ku matongo n’inyubakwa. Yasavye abenegihugu, abajejwe intwaro n’izindi nzego gukorana neza n’abakozi ba rusansuma kugira iki gikorwa gitange umwimbu igihugu gikeneye.
Mw’ijambo ryiwe, Dr Alain Ndikumana, umushikiranganji w’ikigega ca Reta, ubutunzi n’iterambere rishingiye ku buhinga bwa none, akaba n’umukuru w’umurwi uriko utegura ico gikorwa, yamenyesheje ko iyo rusansuma izofasha Reta kuronka amakuru yizewe ku matongo, ibibanza n’inyubakwa biri mu bisagara. Ayo makuru azorushiriza gufasha mu gutegura neza ibisagara, inyubakwa rusangi, amabarabara, amavuriro, amashure n’ibindi bikorwa bihuye n’ivyipfuzo vy’abenegihugu.
Yamenyesheje kandi ko urwo rusansuma ruzofasha mu kwegeranya amakuru azotuma inzego zibijejwe zifata ingingo zishingiye ku makuru y’ukuri no kunagura uburongozi bw’igisata c’amatongo.
Nk’uko vyashikirijwe na Nicolas Ndayishimiye, arongoye Ikigo INSBU, muri ico gikorwa hazokwifashishwa ubuhinga bwa none mu kwegeranya no kubika amakuru, mu ntumbero yo kuyagira ayizewe no kuyacungera neza. Ibibanza bizoba biri mu matati na vyo bizokwandikwa, hanerekanwe aho urubanza ruzoba rugeze ku musi wa rusansuma.
Umushikiranganji Ndikumana yahumurije abenegihugu ko iki gikorwa kitaje kwaka umuntu itongo canke kurihereza uwundi.
Yamenyesheje kandi ko kitaje gukuraho intambuko zihasanzwe zo kwandikisha amatongo, canke ngo kigire ico gihindura mu bikorwa vy’igisata c’ubutungane mu gihe itongo riri mu matati.
Igikorwa ca mbere kizotangurira mu makomine ya Mugere, Mukaza na Ntahangwa zo mu Ntara ya Bujumbura, hamwe no muri komine ya Ngozi mu ntara ya Butanyerera, Rumonge mu ntara ya Burunga na Gitega mu ntara ya Gitega. Inyuma y’ico gice ca mbere, rusansuma izobandanya no mu yindi mihingo igize igihugu.
Ba buramatari, ba musitanteri, abatwara ama zone hamwe n’abenegihugu bahamagariwe gukorana neza n’abazorangura ico gikorwa kugira kigende neza. Iyo rusansuma izofasha mu guteza imbere ibisagara no gushigikira ishirwa mu ngiro ry’Imbonakazoza y’Uburundi yo kuba igihugu cifashe mu mwaka wa 2040 n’igihugu giteye imbere mu mwaka wa 2060.