16/08/2026
Kuri uyu wa gatandatu, igenekerezo rya 15 Myandagaro 2026, Icegera ca Mbere c'Umukuru w'Inama Nkenguzamateka, Nyakwubahwa Générose NGENDANGANYA, yifadikanije n'abandi bakristu ba Ekreziya Gatorika baje bava mu mihingo itandukanye y'igihugu n'abanyamahanga, mu guhimbaza umusi mukuru w'iyurizwa mw'ijuru rya Bikira Mariya, muri Diyoseze nkuru ya Gitega, ku kirimba citiriwe "Umushaha Mweranda wa Bikira Mariya i Mugera".
Mu nsiguro y'ijambo ry'Imana, Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Gitega, Musenyeri Bonaventure NAHIMANA, yamenyesheje ko Bikira Mariya yabaye mu bigishwa ba mbere ba Yezu Kristu ku rugero ruhebuje, kuko yakingiwe igicumuro, ndetse akaba umwizero utayegayega, ko n'abantu b'intege nke bazorokoka urugamba rwo kugwanya inabi, ikwega urupfu. Ngo ni co gituma ari akarorero n'umukandizi, abakristu bakamenya ko urugendo barimwo ari uruzobashikana mw'ijuru.
Mu gihe Igihugu c'Uburundi cimirije Amatora y'Umukuru w'Igihugu mu mwaka uza w'2027, Musenyeri Bonaventure NAHIMANA yamenyesheje ko abakristu bahuriye muri ico Kirimba ca Bikira Mariya, mu gihe Igihugu kiriko kiritegurira ayo matora, kugira bashikirize igisabisho bagitura Imana biciye kuri Bikira Mariya ari we Mugabekazi w'amahoro, harimwo gusabira amatora yimirije, akagira ati: "Twisabira twebwe nyene kuko ni twebwe tuyitaba, ni twebwe tuyatuganya, kugira azoshobore kuranguka mu mahoro no mu mutekano, azodufashe gutsimbataza amahoro no gutera imbere mu nzira yo gusubiza hamwe no kurekuriranira".
Ivyo kugira bishoboke, Musenyeri Bonaventure NAHIMANA avuga ko bisaba ko abarundi bagamburukira amabwirizwa y'Imana, kwubahana no gusoneranira, kwirinda kubesha no kwiba.