10/07/2026
🩺 ISEKEZA RYO KUVURA NO KUBAGA KU BUNTU RYATANGUYE MU NTARA YA BURUNGA KOMINE RUTANA AKARERE KUBUVUZI KARUTANA RYITABIRIWE N'ABANTU BENSHI
Kuri uyu wa 10 Mukakaro 2026, ibikorwa vy'isekeza ryo kuvura no kubaga ku buntu rigira umunani Ritunganijwe nikigo BEENA FONDATION vyatanguye ku mugaragaro mu Ntara ya BURUNGA,KOMINE RUTANA, aho abanyagihugu isinzi bazindukiye ku Bitaro Bikuru vya Gihofi kugira bisuzumishe kandi bahabwe ubuvuzi n'abaganga b'inzobere.
Iri sekeza ryama ritunganywa mu ntumbero yo gufasha abarwayi bafise ibibazo bitandukanye bisaba kubagwa canke ubundi buvuzi bwihariye, harimwo indwara z'amaso, amasuha, musipa, imyingo, inkavyi, prostate n'izindi.
Kuva mu gitondo, abantu benshi baturutse mu bice bitandukanye vy'Igihugu baritavye iri sekeza, bagaragaza umunezero n'icizere ko bagiye kuronka ubufasha bw'ubuvuzi bwiza.
Abategura iri sekeza barashimira abanyagihugu bitavye ari benshi, bongera bahamagarira n'abatararonka akaryo ko kwiyandikisha gukurikiza amabwirizwa yatanzwe kugira abazokunde baronke ubufasha kandi bazitabweho neza.
Twifurije abarwayi bose kwivuza neza no gusubira mu buzima busanzwe.