13/05/2026
Guhera mu gitondo co kuri uyu wa gatatu, igenekerezo rya 13 Rusama 2026, ibikorwa vy'uruganda rw'inyigisho nkarishabwenge ku Bakenguzamateka n'abakozi bamwe bo muri urwo rwego vyabandanije, birongowe n'Umukuru w'Inama Nkenguzamateka, Nyeniteka Gervais NDIRAKOBUCA, mu nyubabakwa z'ihoteri Chalet la Concorde, iri muri Komine Muramvya y'i ntara ya Gitega.
Umuhinga yatanze inyigisho ku cigwa kijanye no gusesangura Ibwirizwa rigenga amafaranga Reta ikoresha ku mwaka, yerekanye ahanini ibijanye n'iharurwa ry'uburyo Reta ikoresha, ivyisungwa mu gushinga uburyo Reta ikoresha, uko vyitwa nuko bivugwa, intambwe nkuru nkuru zisungwa mw'itunganywa ry'imigambi y'igihugu gushika aho zemezwa n'abaserukira abenegihugu, n'ibindi.
Ku muhingamo, mu gusozera ibikorwa vy'urwo ruganda rwari rumaze iminsi ibiri, Nyeniteka NDIRAKOBUCA yatekereye impanuro abakozi bo muri urwo rwego, aho yabasavye gushira mu ngiro ubumenyi baronkejwe kugirango bazokwerekane intambwe nshasha bateye mu kurangurana ubwira n'ubukerebutsi ibikorwa bashinzwe, biheshe iteka urwego barangurira mwo ibikorwa ndetse n'igihugu cose.
Kuri Banyakwubahwa Abakenguzamateka, yabasavye kwunga umugozi udacika hagati y'abo n'abeneguhugu bajejwe gusukurira ndetse no kubabera ugutwi n,ijosho muri vyose