30/07/2024
🥰Mu gihe c'ici, imanza n'imisi mikuru biba vyinshi.
Iyo bigenze uko abipfuza gutanga utuganuke nabonyene baragwira.
Aho ninaho haca hava ingorane y'ivyo bashira mu tuganuke bipfuza gutanga kuko biba biriko bironderwa na benshi.
Mw'Ishirahamwe Youth In Action Burundi ivyo twaravyiyumviriye maze tugirako dutora n'umuti kugira ngo ntimube mugihangayika.
📢Ego, dusange aho dukorera hagati mu gisagara ca Bujumbura, Galerie Alexander, aharabana n'ikibanza citiriwe ukwikukira, maze tubereke.
👉Tubafitiye ibintu vyinshi kandi vyiza mushobora dutanga nk'utuganuke, mushobora gukoresha mu manza zanyu, mushobora gukoresha mu bubare hamwe no mu mihana yanyu.
Akabirya rero, ibiciro birasosa kuruta isukari.
Murashobora kandi kuronka ibihingurwa n'ibidandazwa muri Youth In Action Burundi muciye kubadandaza bacu bazungurukana ibitandukanye mu mpande zose zo hagati mu gisagara ca .
Mufise ico mubaza canke mushaka kugira commande yiharije, muratorondera kuri 📞+257 62 590 040 (WhatsApp).