08/02/2026
UMUGAMBWE CODEBU UBONAKO INTAMBARA ZIRI MURI KANO KARERE ZISHOBORA GUTOSEKAZA UBUMWE BW'ABARUNDI.
1. Akarere Uburundi burimwo kamazemw'intambara imyaka irenga 30, zirimwo akamoto k'amacakubiri y'amoko. Izo ntambara ziragira ingarukambi ku gihugu nk'Uburundi caciye mundyane z'amacakubiri umwanya muremure.
2. Biravugwa vugwa ko muri kano karere hoba hariho ibihugu birondera gukomeza ubutegetsi bwubakiye kubwoko kanaka ariko umugambwe CODEBU ntushobora kuvyemeza canke ngo ubihakane.
3. Nubwo bigaragara ko abarundi twateye intambwe ikomeye mukuvavanura n'amacakubiri y'amoko n'intara yari yaratuzingamitse, haracakenewe gukorwa ibitari bike kugira ntidusubire inyuma. Abarundi batari bake, bo mumoko yose, bagendana ibikomere vy'amabi bakorewe canke bakoze, batigeze baronka ikintu nakimwe (Ubutungane canke iyindi mécanisme) co kubivura. Imbarutso iyariyo yose ishobora gutuma ivyo bikomere bisubira kwuguruka.
4. Iciyumviro c'ubutegetsi bwubakiye kubwoko ubu canke buriya kigira ingaruka mbi nyinshi:
A. Abafise ubutegetsi barihenda cane bakibwira ko atawoshobora kububakurako, hakaba nabaryoherwa gusa no kumva ko bakumiye canke biganzuye abandi.
B. Ivyiyumviro n'inguvu vyose bihengamira kukurondera kuguma canke gushikira ubutegetsi k'umugwi uyu canke uriya, ivy'iterambere ry'igihugu bikibagirwa.
C. Ivyaha bijanye n'ubutunzi hamwe no guhonyora agateka kazina muntu birenzwako uruho gw'amazi. Usanga abasangiye umugwi bash*tse aho bagira urunani no mubibi (solidarité négative) gutyo igihugu kigatera gisubira inyuma.
D. Hama uruhagarara no kwikekana mubonse rimwe ruteba rukavyara intambara z'urutavanako zama zisambura ivyari bimaze kwubakwa vyose.
5. Uburundi nico gihugu conyene cari cashoboye kuva mundyane z'amoko atawunesheje uwundi, turumvikana ingene tubana neza n'ingene dushiraho inzego zikingira bose biciye mu masezerano. Birakenewe cane ko tuguma muriyo nzira akaba arinayo ntererano dutanga mundyane ziri muri kano karere.
6. Kugira Uburundi ntibusubire gukorokera mundyane z'amacakubiri hokorwa ibi bikurikira :
A. Abarundi twese dutegerezwa kuvavanura no kurondera kugira ubutegetsi bwubakiye k’ubwoko ubu canke buriya.
B. Gukomeza umubano mwiza hagati y'abonse rimwe(cohésion sociale) no gukuraho intambamyi zose zibuza impunzi gutaha mumwidegemvyo.
C. Twokwirinda inyigisho izarizo zose, ziciye munzira iyariyo yose, zibiba amacakubiri y'amoko.
D. Abarundi twese na cane cane abatwara igihugu, twokwirinda gukoreshwa n'ibikomere vya kahise twaciyemwo ariko tugakomeza ingendo y'ubumwe kugira dukinge benayo mabi ntazogaruke.
E. Harakenewe umugwi urimwo indorerenzi mva makungu wodufasha kubona kumwe amabi yakozwe muri kahise no gutora inzira yotuma abarundi bose bakira ibikomere vyo muri kahise. Turavye ibiriko birakorwa murico gisata, biragaragara ko bigoye kwimena igihute twenyene !
F. Abatwara igihugu bategerezwa kwitwaririka intwaro ibereye, ukubaho neza kw'abanyagihugu muvy'ubutunzi n'imibano no kwubahiriza agateka ka zina muntu kugira abarundi ntibahave baremerwa n'ubutegetsi, bakugururira uwariwe wese yoza kububakurako.
G. Ugushikira ubutegetsi bitegerezwa kuba mumatora y'ijwi k'umuntu abereye mumuco no m'umwidegemvyo kugira abarundi batwarwe nabo bitoreye. Uwugomba kurongora abandi wese agashira imbere ico yobamarira, ntashire imbere icari.
H. Inyigisho n'amajambo y'indongozi bishimikira k'ubumwe vyogwizwa. Ibimenyetso vy'ubumwe bw'abarundi nk'idarapo ry'ubumwe bw'abarundi n'ibindi bikwiye gusubira guhabwa agaciro n'ikibanza cavyo.
I. Harakwiye gutegekanywa Inyigisho mu mashure zigisha ubumwe bw'abarundi. Ubushikiranganji bw'intwaro yohagati mu gihugu bwotegekanya inyigisho z'ubumwe bw'abarundi kugwaruka ruhurikiye mu migambwe itandukanye.
Ni harambe ubumwe bw'abarundi n'umubano mwiza mu bonse rimwe.