13/03/2026
Umuyobozi w'igisata co gucungera ama banki n’amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana (microfinances), Simplice Nsabiyumva yaremesheje ikiganiro ku bamenyeshamakuru.
Muri ico kiganiro yasubiye kuvunira akagohe abenegihugu ngo babe maso boye guhombera amafaranga yabo mu mashirahamwe yo kuziganya no kuguranana cane cane ayitwa Groupements Financiers Communautaires.
Nsabiyumva yagize ati: "Haramaze kwibonekeza ama microfinances, cane cane ayo ku rugero rwa kane bita Groupements Financiers Communautaires, akora atisunze amategeko agasaba abantu amafaranga, abemereye inyungu y’umurengera. Abenshi babikora kubera baba bakehaniwe n’amafaranga bakoresha maze bagahitamwo guhendesha abantu inyungu nini babemerera ku mafaranga baba babikije.
Abenshi mu bakora ivyo, bisanga badashoboye gutanga izo nyungu bemeye, bamwe bagahitamwo guhunga".
Yongeye ati, "mu nyuma, ayo mashirahamwe yabo arateba akugara, abenegihugu bagahomberayo utwabo".
Uwo muyobozi asaba abenegihugu kuhabera maso, maze uwo bokwumva abarehësha inyungu zirenga izisanzwe zitangwa ahandi (ibice 7 kwijana ku mwaka muri iki kiringo) bamudomeko urutoke, gutyo, BRB Igarure bikiri hagufi.
Ku kaba nkako, buri kwezi, BRB irashira ku rubuga rwayo ( Site Web) www.brb.bi inyungu ziriko ziratangwa ku mafaranga abitswe mu gisata c'amabanki ingene zingana. Gutyo, umwe wese arashobora kwibonera urugero rubereye.
Ati “Nk'ubu, uwuzokwemerera inyungu y’amafararanga arenga ibice 7% ku mwaka uramwirinda, azoba agomba kubasahura”.
Yaciye asaba ko abenegihugu bogerageza kubera ijisho Ibanki ya Repuburika y’Uburundi mu kudomako urutoke uwo wese yohenda abenegihugu ngo agira abungukire umurengera, kugira BRB irabe ko hari icokorwa amazi atararenga inkombe.
Abajijwe nimba abanyagihugu bahombeye mu ma microfinances, aheruka kugira ibibazo agahagarika ibikorwa, hari ico BRB izobashumbusha, yabakuriye inkoni ku gish*tsi ko ataco bokwitega, kuberako usanga akenshi abo baka inyungu nyinshi baba baratwaye ayo mafaranga y'abenegihugu.
Agasaba Abenegihugu n'Abenamashirahamwe kurikanura mu gucubgera utwabo no mu kwubahiriza amategeko n'impanuro za BRB.
Yaciye agirako amenyesha ko gushika ubu, ama microfinances yo ku rugero rwa kane amaze kwemerwa gukora ari 132 nayo ayo ku rugero rwa mbere n’urwa gatatu yemerewe agera ku 85. Amenyesha ko uretse microfinances zine zitariko zirakora neza izindi zikora neza zisunze amategeko kandi zihagaze neza.
Kubw’ivyo abenegihugu bobandanya bazihurumbira ariko bakaba maso bagakurikiranira hafi ingene ziriko zirakora, harico babonye kitagenda neza bakakimenshesha BRB.