11/12/2019
"Uwo wese yaka umwidegemvyo mugenziwe aba yigize imbohe; imbohe y'urwanko, imbohe y'ukwinubana, imbohe y'ubugugu".
Nelson Mandela niwe yavumereye ayo majambo y'agaciro kanini. Ubuzima bwiwe bwose yabuhariye kugwanira agateka k'abirabure muri Afrika y'epfo be no kwubaka igihugu amoko yose abamwo mu mwidegemvyo. Urwo rugamba ntirwamworoheye kuko rwanamutumye apfungwa imyaka 27. Amaze kuba Umukuru w'igihugu yatangaje benshi mukutihora abazungu bamupfunze iyo myaka yose. Abamubajije ico kibazo yabishuye ko " atawushobora kubaho mu mw'idegemvyo mu gihe yatse umwidegemvyo mugenziwe". We yabona ko kwihora abazungu kwoba ari kwiyinjiza mu rindi bohero ry'urwanko.
Aya majambo ya Nelson Mandela arahambaye cane kuko ni kenshi abibohoye bibaza ko intsinzi yabo ihagaze mu gusubiriza mu ndumane abahoze babacinyiza. Uko ni ukwihenda bikomeye cane kuko kwihora vyongereza akarenganyo n'urwanko, bigatuma ibihugu vyama mu ruhugarara atan'umwe arwungukamwo. Uwundi nawe yagize ati : "inzigo igirira nabi beneyo kurusha abo bayigirira". Kwibohora nyakwo ni ukuzanira igihugu cawe umwidegemvyo abanyagihugu bose, eka mbere abantu bose. Uwibohoye agashira imbere kwihora aba mubi kurusha abo yahoze agwanya.
Nelson Mandela uyu musi akwije imyaka 101 avutse.