19/08/2026
🟠 KUGENZA BUHORO SI UKUBA SINDABIBAZWA
Abarundi barafise imigani myinshi yavuye mu kwitegereza inyifato z’abantu, igahinduka impanuro z’uko umuntu yokwifata. Umva ngo «uwufise umutwe muto awurinda uruguma», «akana kari ubwenge kagaya kamira», canke «hagupfa wozanzama». Iyo migani, iyo itumviswe neza, irashobora gutuma umuntu atinya kuvuga ukuri, guhagararira ineza no kurwanya akarenganyo, yitwaje gusa kwikiza, inabi ikabandanya ikiganza.
🗣️ Ariko uwugenza buhoro ntatinya ukuri, kandi ntakeneye kumira ibiciye mu kanwa kubera ubwoba. Ntareka ukuri ngo gupfe kugira ngo we aronke amahoro. Ararondera ineza, ariko akayishikako atababaje abandi canke ngo ahungabanye umutekano wabo. Ntaba mu mvugo ivuga ngo «ntawurya umurete atamenye amagi»; yibuka ko n’abandi bafise uburenganzira bwo kubaho no kuronka ivyiza.
⚖️ Kugenza buhoro ni ugushira imbere ukuri n’ubutungane, ariko ukabishira mu nzira y’amahoro. Ni uguhuriza abantu ku neza rusangi, ata kurandazanya, kwihora canke gukoresha inguvu. Si ukwikumira ngo ntitubazwe ibikomeye; ni ukwitangira ukuri n’ineza, ata wubizijijwe.
💪 Ni ubutwari bwo kwihangana, kuvuga ibigororotse no kwemera ingaruka z’ukuri, tutabaye ibikoresho vy’urwanko. Uwo mwanya usaba umutima utekanye, ubwenge n’ukwihangana, kugira ngo ineza itsinde inabi, ubutungane butsinde akarenganyo, kandi igihugu cacu kironke amahoro aramba atari amahoro y’ubwoba, n’umutekano wubakiye ku cizere n’icubahiro hagati y’Abarundi bose n’ubumwe.
🌿 Mbega ntidushobora guhagararira ukuri no kurwanya inabi, ariko tukabikora tutababaje abandi?