INSS Burundi

INSS Burundi Institut National de Sécurité Sociale

INSS yatanze inyigisho ku bakozi n’abakoresha b’uruganda   rwo muri Komine  Ishirahamwe ry’Igihugu rijejwe gutegekaniriz...
03/09/2026

INSS yatanze inyigisho ku bakozi n’abakoresha b’uruganda rwo muri Komine

Ishirahamwe ry’Igihugu rijejwe gutegekaniriza kazoza abakozi (INSS) ryaratunganije inyigisho kuri uno wa 27 Myandagaro 2026 ku bakozi n’abakoresha bo mw’ishirahamwe Sobrite, rikora amatafari ya kijambere, riri muri komine , muri Province Butanyerera.

Intumbero y’izo nyigisho yari iyo kwibutsa abakoresha ivyo amategeko abasaba, hamwe no kumenyesha abakozi uburenganzira bwabo mu bijanye n’ugutegekanirizwa kazoza, nk’uko vyashikirijwe na Habonimana, arongoye ishami ya mu ntara ya Butanyerera afadikanije na Pierre Nshimirimana ajejwe kumenyeshamakuru muri .

Umuyobozi mukuru w’uruganda Sobrite Ir. Bigirindavyi Alice Marie Joselyne yakiranye akanyamuneza izo nyigisho zatanzwe na , avuga ko zamufashije kuronka inyishu ku bibazo bimwebimwe yahora abazwa n’abakozi biwe.

Yasavye abakozi kumenya neza ivyo bategerezwa gukora, no gukoresha neza ibikoresho vyo kwikingira impanuka bahabwa, bakama babifise igihe cose bari ku kazi kugira bibakingire impanuka.

Yasavye kandi INSS kubandanya kwegera abakoresha no gutanga izindi nyigisho nyinshi, kuko hari ibintu vyinshi bashobora kumenya biciye muri izo nyigisho. Yashimikiye kandi ku kamaro ko gutegekaniriza kazoza, avuga ko ari ikintu ntangere ku mukozi wese.

Abakozi bitavye izo nyigisho nabo barashimiye INSS ku bumenyi babonye, bavuga ko hari vyinshi batari bazi bahigiye.
Basavye INSS kubandanya kubagendera no gutanga inyigisho nk’izo, kugira ibandanye kubafasha gutorera inyishu ibibazo bishobora kwaduka hagati y’abakozi n’abakoresha.

Ku ruhande rwiwe, Céléous Habonimana yasavye abakozi kwama bakora bafise amasezerano y’akazi, kuko iyo umukozi agize ikibazo kandi agomba kuronswa uburenganzira bumwe bumwe, amasezerano y’akazi ararabwa neza kugira hamenyekane ivyo impande zompi zumvikanyeko.

RADIO TV BUNTU

Abakozi n'akazi TV

Mu ntumbero yo kumenyekanisha ibikorwa ikora no gukangurira abakozi n’abakoresha gutegura kazoza kabo, Ishirahamwe ry’Ig...
02/09/2026

Mu ntumbero yo kumenyekanisha ibikorwa ikora no gukangurira abakozi n’abakoresha gutegura kazoza kabo, Ishirahamwe ry’Igihugu ryo Gutegekaniriza Kazoza Abakozi (INSS) ryatunganije ibiganiro ku maradiyo abiri akorera mu ntara ya Butanyerera.

Ivyo biganiro vyabaye ku wa 26 Myandagaro 2026 kuri Remeshamahoro FM ikorera muri komine Kirundo, hamwe no ku wa 27 Myandagaro 2026 kuri Umuco FM ikorera muri komine Ngozi.

*Akamaro ko gutegekanirizwa kazoza

Mu kiganiro catangiwe ku nsamirizi Remeshamahoro FM, INSS yari yaserukiwe na Pierre Nshimirimana, ajejwe kumenyeshamakuru ku cicaro gikuru ca i , ari kumwe na Nkuranga Alexandre, aserukira INSS muri komine Kirundo.

Ku ruhande rwo ku nsamirizi Umuco FM i muri komine Ngozi, ikiganiro cari catumiwemwo Pierre Nshimirimana hamwe na Habonimana, aserukira INSS mu ntara ya .

Muri ivyo biganiro, abaserukiye INSS barasiguye akamaro ko gutegekaniriza kazoza, basigura ko umukozi amaze kwandikwa muri INSS aca aronka uburenganzira ku burusho butandukanye butangwa n’iryo shirahamwe. Bamenyesheje ko ubwo burusho buri mu bisata bibiri: igisata c’amapansiyo n’igisata c’impanuka z'akazi.

Ku bijanye n’amapansiyo, basiguye ko umunywanyi wa INSS ageze mu za bukuru aronka pansiyo mu kiringo cose asigaje kubaho. Iyo umunywanyi apfuye, uburenganzira kuri iyo pansiyo burashobora guhabwa abasigwa biwe, harimwo uwo bari bubakanye mu mategeko canke abana biwe batarakwiza imyaka 21 y’amavuko. Iyo atawe bari bubakanye canke abana bafise uburenganzira bahari, pansiyo icihabwa abavyeyi biwe, iyo bakiriho.

Pierre Nshimirimana yarasiguye kandi akamaro ko kuba umukozi yanditswe muri INSS mu gihe agize isanganya ry'akazi. Yamenyesheje ko iyo umukozi amaze kwinjizwa muri INSS agize isanganya ry'akazi, INSS iramuvuza kandi ikamuha n'umukando ungana n’urugero rw’ubumuga canke ububabare yagize. Asigura kandi ko naho yovuzwa bagasanga mu Burundi biraseko akira, INSS irafitaniye amasezerano n’ibitaro bitandukanye vyo mu bindi bihugu, baca bamutwarayo akavurwa agakira vyose bikarihwa na INSS. Asigurako ivyo vyose bikorwa hakozwe amatohoza bakamenya neza ko uwo mukozi yagize isanganya ry’akazi vy'ukuri, kandi ngo barabifitiye ubuhinga.

Ku bwiwe ngo ivyo, birafasha gukingira umukozi n’umuryango wiwe ingaruka zishobora guterwa n’isanganya ry'akazi mbere n’umukoresha.

*Ni ryari umuntu aba umunywanyi wa INSS?

Ku bijanye n’abategerezwa kuba abanywanyi ba INSS, abaserukiye iryo shirahamwe basiguye ko umukozi afise amasezerano y’akazi kandi agahembwa ku kwezi ategerezwa gutegekanirizwa kazoza biciye muri INSS.

Habonimana, aserukira INSS mu ntara ya , yamenyesheje ko ivyo gutegekaniriza kazoza bitaraba gusa abakora mu biro canke abakozi ba . Yatanze akarorero k’abakozi bakorera mu ma , mu bubare no mu yandi mashirahamwe n’ibigo vyabikorera ivyabo, avuga ko na bo nyene bafise uburenganzira bwo gutegekanirizwa kazoza igihe bakwije ibisabwa.

Yahamagariye abakoresha bataratangura gutegekaniriza kazoza abakozi babo kwitura ibiro vya INSS bibegereye kugira babafashe kwandikisha abakozi babo no kubinjiza muri uwo mugambi w’igihugu.

*Mbega itegeko rivuga iki kubatubahiriza izo ngingo* ?

Muri ivyo biganiro, Pierre Nshimirimana yaribukije abakoresha ko hari ibihano bitegekanijwe n’amategeko ku bakoresha bagira ubusuma canke amanyanga mu bijanye no gutegekaniriza kazoza abakozi babo.

Yasiguye ko umukoresha ashobora guhanwa iyo, nk’akarorero, avuze umushahara atariwo umukozi ahembwa canke agatanga igitigiri kitari co c’abakozi akoresha, nk’uko bitegekanijwe n’ingingo ya 220 y’Itegeko No 1/12 ryo ku wa 12 Rusama 2020 ryerekeye amategeko agenga ugukingira no gutegekaniriza kazoza abanyagihugu mu Burundi.

Muri ico gihe, umukoresha ashobora guhanishwa igihano co gufungwa umwaka umwe gushika ku myaka itatu hamwe n’ihadabu riva ku mafaranga 100.000 FBu gushika ku 1.000.000 FBu, canke kimwe muri ivyo bihano.

Ku bijanye n’umukoresha atandikisha umukozi muri INSS canke ntamutangire intererano, ingingo ya 221 na yo irategekanya ibihano. Umukoresha ashobora gufungwa imisi 10 gushika kuri 30, canke agacibwa ihadabu riri hagati ya 100.000 FBu na 500.000 FBu, canke kimwe muri ivyo bihano.

Uwo mukoresha kandi ategerezwa gutanga intererano zose yari akwiye gutanga, hamwe n’amafaranga yiyongera kubera ukudatanga izo ntererano ku gihe. Iryo yongerwa ringana n'ibice 3% ku kwezi, bivanye n’intererano yari akwiye gutangwa ku mukozi atanditswe muri INSS. Hama ayo mande yose atangwa muri mu kigega c’igihugu kuko ari naco casizeho ayo matekeko nkuko bibandanya bishikirizwa na Nshimirimana.

Mu gusozera, yaba uwo aserukira INSS mu ntara ya canke uwuyiserukira muri komine , bompi bemezako intara ya Butanyerera iriko irijukira gutegekaniriza kazoza abakozi babo, bagahamagarira abataritabira uwo mu gambi w’igihugu ko bokwakwanya bakajana n’abandi kugira umukuruke nawe nyene aze yisange muri ya mbona kazoza y’igihugu c’ifashe muri 2040 n’igihugu giteye imbere muri 2060 atasegerereza kuko yategekanirijwe kazoza.

Pierre Nshimirimana
Inama nshingamateka
RADIO TV BUNTU

Province Butanyerera

19/08/2026

Mbega iyo umukozi amenyeko atategekanirijwe kazoza, muri INSS bamufasha gute? Migaboyimana Fréddy Trésor arongoye igisata co kwinjiza abakoresha no kwandikisha abakozi (Affiliation des Employeurs et Immmatriculation des Travailleurs) arabitwiganira.


Pierre Nshimirimana
Inama nshingamateka
Freddy Trésor Migaboyimana

14/08/2026

Kwirikirane ikiganiro umuyobozi ajejwe abanywanyi Jean Petit Ndikumasabo muri INSS yahaye abanditsi n'abamenyeshamakuru kuri uyu wa 13.8.2026 mu nyubakwa z'ishirahamwe INSS i .

Pierre Nshimirimana
Inama nshingamateka
Radio Voix de la Réconciliation
RADIO Agaseke FM 102.7 MHz.
RADIO TV BUNTU

Kuri uno wa 13 Myandagaro, ishirahamwe ry’igihugu rijejwe gutegekaniriza kazoza abakozi   ryatanze ikiganiro kubanditsi ...
13/08/2026

Kuri uno wa 13 Myandagaro, ishirahamwe ry’igihugu rijejwe gutegekaniriza kazoza abakozi ryatanze ikiganiro kubanditsi n’abamenyeshamakuru kugira ritange umuco ku bibazo vy’abanywanyi ku vyerekeye ishirwa mu ngiro yo kuduza pansiyo ku bakukurutse.

Muvyo Jean Pétit Ndikumasabo umuyobozi ajejwe gutunganiriza abanywanyi yamenyesheje, yavuzeko abarabwa n’ingingo yuko pansiyo iduga gushika ku bice 60% vy’umushahara wakukurutse ugezeko, n’abakozi barangirije imirimo yabo ahantu bahemwa imishahara ivuye mu kigega ca , bisigurako umuntu wese ahembwa umushahara utava mu kigega ca iyo ngingo ntimuraba nagato.

Yamenyesheje kandi ko guhera kubagiye mu karuhuko haragera ico twita pension anticipée, canke bakitaba Imana kuva mu kwezi kwa mbere muri 2020 gushika ubu, nta mukukuruke wa Leta numwe azohembwa pansiyo iri musi y’ibihumbi 30 ku kwezi, aho ni mu gihe pansiyo ntoyi yahora ari 2.400, pansiyo nini nayo yavuye ku bihumbi 450.000 ikaja kuri 1.050.000, bisigurako pansiyo ntoyi yiyongereye kubice 1250% nini nayo yiyongereye ibice 233%.

Ku bakukuruke b’imbere y’umwaka w'2020, abakukuruke bose berwa niryo bwirizwa bazokwongerwa 30% vy’amahera bahora baronka nka pansiyo ku kwezi.

Nayo ku banywanyi batatunganirijwe muri kuno kwezi kwa myandagaro, ngo bomenyako bazotunganirizwa mu misi iza, abo nabo bakaba bagizwe n’abo amategeko yakera atari yategekanije ko bazoronswa ubu burusho ni nkabakozi b’amakomine hamwe n’abakozi bagenywe n’ibwirizwa ry’umukuru w’igihugu, inama nshingamateka na nkenguzamateka hamwe n’umuhuza w’abarundi co kimwe n’abandi bakozi usanga abakoresha babo bari barabasimvye kubera imvo izi canke ziriya.
Akarorero, n'abakukurutse canke abitavye Imana kuva muri nzero umwaka w’2025 gushika muri ruheshi umwakaka w’2026, abo bose ntibarimwo ngo kubera batararonswa imishahara yabo.

Ayo mategeko arategekanya yuko atakizohinduka kuri pansiyo bari basanzwe baronswa na INSS, abo nabo n’abasirikare hamwe n’abapolisi bavugwa mugace 3 k’ingingo ya 2 y’ibwirizwa ryo kuwa 30 ndamukiza umwaka w’2026.

Muri ico kiganiro n’abamenyeshamakuru, uwo muyobozi ajejwe abanywanyi muri INSS yasavyeko umukozi wese azosanga pansiyo yiwe ari ntoyi kuyo yahora aronka ko yoca abimenyesha abahagarariye INSS ubu bari mu ma komine yose kandi ko azoca atunganirizwa.

Mwomenyako INSS guhera kuri rino genekerezo rya 13 gushika kuwa 16 myandagaro 2026 iza kuremesha ibiganniro ku nsamirizi zikorera hagati mu gihugu, mukaba muhawe ikaze kuvumviriza mbere mwongere mubaze n’ibibazo ikibiriraho.

Izo nsamirizi nazo nizi:

Kuwa 13/8/2026, ni kuri Rtv Buntu 96.3 MHZ NTU isamiranira mu ntara ya Province Butanyerera,
Kuwa 14/8/2026, ni kuri Radio Voix de la Réconciliation isamiranira mu ntara ya Province Buhumuza,
Kuwa 15/8/2026, ni kuri FM isamiranira mu ntara ya Province Gitega J.P.G
Kuwa 16/8/2026, ni kuri Eagle FM 95.5 isamiranira mu ntara ya Province Burunga.

Pierre Nshimirimana
Inama nshingamateka

IBIGANIRO BIDASANZWE VYA INSS.KAZE!Pierre NshimirimanaInama nshingamateka
12/08/2026

IBIGANIRO BIDASANZWE VYA INSS.

KAZE!


Pierre Nshimirimana
Inama nshingamateka

11/08/2026

Kuba démobilié bobo gute?

11/08/2026

Ico mwomenya kubari bamaze kuronka pansiyo ya INSS hatarajako birya bice 60% vy'umushahara wakukurutse ugezeko. Ni mutege yompi umuyobozi ajejwe abanyanyi muri INSS Jean Pétit Ndikumasabo


Pierre Nshimirimana

07/08/2026

Mbega none iyo ngingo ivuga iki? Inyishu na Jean Petit Ndikumasabo umuyobozi ajejwe abanywanyi muri INSS.


Pierre Nshimirimana

07/08/2026

Kuriyo ngingo nyene, hariho imyidogo ku nzego z’umutekano no kwivuna abasikuberiki? Kwirikira inyishu yatanzwe n'umuyobozi ajejwe abanywanyi muri INSS Jean Pétit Ndikumasabo.


Pierre Nshimirimana

Address

Bujumbura

Opening Hours

Monday 07:30 - 15:30
Tuesday 07:30 - 15:30
Wednesday 07:30 - 15:30
Thursday 07:30 - 15:30
Friday 07:30 - 13:00

Telephone

+25722269504

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when INSS Burundi posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Organization

Send a message to INSS Burundi:

Shortcuts

Share

Category