16/08/2026
Ku magenekerezo ya 15 na 16 Myandagaro 2026, Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD, Nyeniteka Reveriyano Ndikuriyo, yarateye iteka ibikorwa vyatunganijwe mu mashengero abiri atandukanye;, muri Beloved Church, no mw’Ishengero ry'Urutare. Muri ivyo bikorwa, yashikirije ubutumwa bushingiye ku kwemera, kw'ihangiro ry'Igihugu n'uruhara rw’amadini mu bikorwa vy’iterambere ry’Uburundi.
—-—————————————————————-
Kuri uyu wa Mungu, igenekerezo rya 16 Myandagaro, mu ntara ya Burunga, yitavye ibirori vyo kwinjira ku mugaragaro Ishengero ry'Urutare ryo mu Rumonge. Ivyo birori vyaherekejwe n’iyatirwa ry’ubudiyakoni hamwe no kwakira abakirisu bashasha.
Mu gushima ibikorwa iryo Shengero rimaze gushikako hamwe n’ingene ririko ryagura ibikorwa vyaryo mu mihingo itandukanye y’igihugu, Nyeniteka Reveriyano Ndikuriyo yahamagariye abarongozi baryo kuramura abakozi b'Imana batanga inyigisho zijanye n’ibihe igihugu kigezemwo.
Muri iyo ntumbero, yabasavye kwigisha ibikorwa abakrisu kugira bagire nabo uruhara mu bikorwa vy’iterambere no gukorana neza n’abajejwe intwaro. Yibukije ko amashengero ari igice c’umuryango munini kandi ko adakwiye kwitandukanya n’ibibazo biranga ikibano. Yasavye kandi abapasitori gutanga inyigisho zijanye n'ibihe igihugu kigezemwo na canecane mu bijanye no kurera, gukomeza imiryango, kuko umuryango ari wo mushinge w’ikibano n'iterambere ry'igihugu.
Mu nyigisho zashikirije na Rév. Pasitori Denise Nkurunziza, Pastori mukuru w’amashengero y'Urutare mu Burundi, yifashishije izaburi ya 127, yahamagariye abakrisu gushira icizere cabo ku Mana no kuyigirako inkomezi zibafasha gutsinda ibigeragezo.
Yifashishije kandi akarorero ka Goliati na Samusoni, aho yibukije ko inkomezi nyakuri zitava gusa ku bubasha umuntu afise, ahubwo ko agaciro kazo karangwa n'uburyo uwufise izo nkomezi yitwara mu gukora ivyiza no gufasha abandi.
Ku wa gatandatu naho, igenekerezo rya 15 Myandagaro, Nyeniteka Reveriyano Ndikuriyo yaritavye kandi ibikorwa vyabereye mu ntara ya Bujumbura, komine Mugere, zone Ramba, vyo kwimika umwepiskopi mushasha w'Ishengero Beloved Church, Musenyeri Nzisabira Jean Bosco, hamwe no kwimika abapasitori 50 n’abavugabutumwa barenga 40.
Muri ivyo birori, yahamagariye abakrisu gusenga mu mpwemu no mu kuri, ariko kandi bakajanisha amasengesho n’ibikorwa. Yibukije inyigisho ya Nyakwigendera Perezida Pierre Nkurunziza aho yahamagarira abakristu agira ati: «Dusenga, dukora; dukora, dusenga.»
Ivyo bikorwa bibiri vyerekanye ko ukwemera n’ibikorwa bikwiye kubangabangana.
Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD yarashimye uruhara rw’amadini n’amashengero mu buzima bw’igihugu, abahamagarira kwama bakorana n’abajejwe intwaro, kwigisha abakrisu gukunda ibikorwa, gufashanya no kwitaho imigambi y’iterambere. Iyo ntumbero ikaba ijanye n’ihangiro ry'imbonakazoza igihugu cihaye,Uburundi bw'ifashe mu mwaka w'2040, n'igihugu giteye imbere mu mwaka w'2060.