05/05/2026
🍅Kuva kw'igenekerezo rya 30 Ndamukiza uyu mwaka, Ubushikiranganji bw'ibidukikije uburimyi n'ubworozi bubicishije muri kigo mu mugambi waco , bwaratunganije inyigisho zijanye no kurwanya udukoko n'indwara zibangamira ibiterwa ku barimyi bo mu ntara zose z'igihugu.
🍅Muri izo nyigisho, abarimyi kandi bakaba bagenda barigishwa ingene bokoresha neza irya miti mvaruganda mugihe bariko barapompa imirima yabo.
🍅Mu ntara ya Butanyerera, mu ma commune ya Busoni, Kirundo na Kiremba, abarimyi barashima izo nyigisho, bagasaba nyabuna ko bokwegerezwa imiti ivura ibiterwa gutyo bakazoza barayironka vyoroshe mu gihe bayikeneye.
🍅Ibisabo ni nk'ivyo nyene no mu zindi ntaraza na cane cane mu ma commune ya Matana, Bururi, Rutana na Musongati mu ntara ya Burunga, Gishubi na shombo mu ntara ya Gitega, n'ahandi.
Izo nyigisho zikaba zigiye kurangira kw'igenekerezo rya 06 Rusama uyu mwaka.
🍅Twobamenyesha kandi ko mur'ico kiringo cizo nyigisho ko habayemwo n'abahinga bakorana nuyo mu gambi bishikiye ku rubuga kwirabira ko amavuriro y'ibiterwa abandanya kwakira neza abarimyi bayitura.
y'iterambere