04/06/2026
Nous partageons le portrait de Bruno Charmant Iremesha, double lauréat de la EU Smartphone Film Competition 2026, publié en kirundi par Yaga: un témoignage fort sur son parcours et ses défis.
🇧🇮👌🏾 “Uburundi bufise inkuru nyinshi ziryoshe, zikwiye kuja ahabona mu mareresi” 🎥
🤗 “Nitwa Bruno Charmant Iremesha, mvuka mu ntara ya Gitega. Mperutse gutsindira ubushimwe bubiri mw'ihiganwa Smartphone Film Competition ritegurwa na Union Européenne au Burundi. Kamwe ni agashimwe k’uwateguye ireresi ifise inkuru nziza kurusha izindi (meilleur scénario), akandi ni ak'uwatowe na benshi (prix du public).
Ireresi nahiganishije nkoresheje terefone ngendanwa yitwa "A plein, A vide", ikamara iminota 4. Ivyo gufata amasanamu no gukora inkuru zo ku mbugahwaniro (création de contenus) haheze imyaka 6 ndabirimwo. Ubu nkaba ngeze mu vyo gutegura amareresi mato mato. Rino higanwa ryaranshizemwo icizere co kubandanya nkora inkuru mu mareresi magufi magufi, eka na maremare nzoyakora.
Nahora ndabifata nk'ukwiryohera ariko ubu ni umwuga kuri jewe. Mu gutegura inkuru mw'ireresi, akabirya nkoresha ni uko ngerageza gushiramwo utuntu tw’akabirya (détails) kugira iryohere uwuyiraba.
Ndafise indoto yo gukora inkuru nyinshi zerekeye Uburundi na canecane Abarundi. Hari inkuru nyinshi ku Burundi n'Abarundi zikwiye kuja ahabona.
Ibikorwa mvabwenge ntibihabwa agaciro muri rusangi aha iwacu. Rero, nka twebwe dukoresha ibikoresho bizimvye si icoroshe, no kuronka aho tubinonosora ntivyoroha. Ariko, ndateye intege buri rwaruka afise ingabire kanaka, akore yivuye inyuma, kuja ahabona kiri mu bintu bihambaye kizotuma ushika kure” 👏🏾