22/12/2024
Ubushikiranganji butatu bwaratanguje, kuri uyu wa gatatu, ico bwise urugamba rwo kurwanya abantu badatanga amakori n’amatagisi. Ubwo bushikiranganji ni ubw’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano, ubw’ubutungane n’ubw’ikigega ca reta. Mu nama yabuhuje, Martin Niteretse, arongoye ubushikiranganji bujejwe iterambere rusangi, yavuze ko batazokwemerera aboba baragize umugambi wo kwimbira ikinogo Uburundi.
Umushikiranganji w’ubutungane, we yamenyesheje ko abo bantu badatanga amakori basuzugura inzego zijejwe intwaro, ubutungane n’umutekano kuko babikora zirorera. Domine Banyankimbona abona ko hageze ko bakorera hamwe kugira bikunde batuze abo bantu yibaza ko bamaze kumenyera ko ataco bobagira. Nestor Ntahontuye, umushikiranganji w’ikigega ca reta, yashikirije ko bariko baritunganya kugira bakore n’ishaka rinini ibibega.
Mu mugambwe UPD Zigama ibanga bo basanga mu gihe hakiri abategetsi bakuru muri reta, mu giporisi canke mu gisirikare bakora urudandazwa hazokwama haboneka abadatanga amakori n’amatagisi. Abdul Kassim awurongoye asigura ko nk’umukozi wa OBR atokwigera ahangara ibintu vy’abo bategetsi kuko n’akazi yoshobora guca agakurwamwo. Yongerako ko hari n’abategerezwa kuyatanga ariko ugasanga barahawe uburusho bwo kutariha amakori.