17/09/2020
Uno musi nshaka dukore analyse y'ama Pages Facebook yaba Star BIG FIZZO Vs SAT-B.
Bamwe ngo Big Fizzo niwe King abandi ngo Sat-B aracari number one 1โฃ!
Twagerageje gukurikirana pages Facebook zabo ba Star babiri, twasanze page ya Big Fizzo ifise ama Like arenga gato 54.000. Sat-B nawe afise abarenga 83.000.
Twongera turaba ama Post 3 abo baririmvyi bakoze bakaronka ama Likes menshi canke agakundwa cane(Mumezi 4 arangiye)
Ibiharuro:
Big Fizzo: 6,180+5,715+6,813 = 18.708 likes
Sat-B: 4,929+5,092+4,489 = 14.510 likes
Turavye neza turasanga BIG FIZZO asumvya Sat-B ama likes arenga 4000 kuri izo post 3 zonyene!
Ikindi naco twasanze umuririmvyi Sat-B atamusi ushobora guhera adashizeko Post cank agashirako post zirenga na 3 kumusi!!
Turavye abakurikira umuririmvyi Sat-B nibo benshi ariko ivyo ashira kumbuga ziwe ntibikundwa ugereranije n'umuririmvyi Big Fizzo.
Nk'umukunzi w'umu*iki w'uburundi wibaza ko Vyoba biva kuki kuronka abantu bagukurikirana benshi ariko ivyo ucishije kumbuga zawe ntizikundwe n'abantu benshi?