29/09/2024
Province Kayanza
Commune Gatara
.
Gushigikira mu gisata C'indero.
Kur'uyu wa Gatandatu, igenekerezo rya 28/09/2024, Imvukira y'Umutumba Rwankuba muri Zone NGORO iba muri Amerika yitwa yaratanze imfashanyo kubanyeshule 84 b**a kuva mu mwaka w'indwi gushika wa 13 w'ishure nshingiro.
Ako gafashanyo kagizwe nibahasha y'ibihumbi mirongo ibiri kuri buri Munyeshule, Karungikanwe Umujenama wa Commune Gatara yitwa asanzwe ari n'imvukira yuwo Mutumba.
Mu butumwa,yarungikanwe ngo ashikirize abo banyeshule; ako gafashanyo nako kubatera intege kugirango b**ane umwete mwinshi bashoboye kandi kugura ibikoresho bakerereje ,abandi nabo bashobore kugura nk'inkoko canke urukwavu, ivyo navyo vyotangura kubamenyereza kuja mu nzira neza ijanye nivyo kwitunganiriza imigambi, akaba kandi abakugurira kwiga amashule maremare Kugirango bize biborohere kuronka akazi keza nabo baze bafashe batoyi babo.
Ku ruhande rwabo banyeshure barashimye cane iyo mfashanyo Bongera bipfuriza Imigisha myinshi iva Ku Mana uwo mwubahwa yabibutse.