31/05/2026
Abasirikare bacungera inzego z’igihugu ni bo batahukanye ikibanza ca mbere mw'ihiganwa ryateguwe n'urwego rwo kwivuna abansi rw'Uburundi.
Ayo mahiganwa akaba yabereye muri centre Commando mw'ikambi ya gisirikare iri i 22ème Bataillon. Iryo higanwa rikaba ryasozera inyigisho n'imyimenyerezo ya gisirikare vy'umwaka wa 2025 ushira 2026.
Abasirikare bo mu karere ka kabiri ka gisirikare (2ème division d'infanterie) akaba aribo batahukanye ikibanza ca kabiri. Ikibanza ca gatatu naco catahukanywe n’abasirikare bo mw'ishure ry'ibisongerezi .
Iryo higanwa ryari rigizwe no gusiganwa baca ku mitego, kwiruka barondera ibinyegejwe bakoresheje ikarata ya gisirikare, kwiruka ibirometero 17 bafise ibikoresho vy'akazi, ndetse no kwiruka ibirometero 8 bafise ibikoresho vya gisirikare bagashika barasa.
Muri ivyo birori, Umukuru w'Urwego rwo kwivuna abansi rw'Uburundi Général , yamenyesheje ko amahiganwa bene ayo atuma igisirikare gikomeza akarangamutima ko kurangura neza umwuga wa gisirikare mu gukingira igihugu, akibutsa ko iryo higanwa ari igikorwa gitegurwa hisunzwe intumbero ya buri mwaka.
Akaba yateye akamo intwazangabo zirongoye abandi ko zotegura intwaramiheto zose, kuko umusirikare wese ategerezwa kuba yujuje inyigisho n’imyimenyerezo kugira ngo arangure neza umwuga wiwe. Kabaye n'akaryo keza kuri we ko gukeza abasirikare barushije abandi muri ayo mahiganwa, ko bobandanya batera imbere.
Général Brigade arongoye ingabo zijejwe gucungera inzego z’igihugu yarashimiye urwego rwo kwivuna abansi mu Burundi ku gikorwa co gutunganya ayo mahiganwa, ngo kuko atuma umugwi wose wa gisirikare umenya aho ugejeje ibikorwa biba vyarategekanijwe n'Urwego rwo kwivuna abansi buri mwaka.
Isoko: Agence Burundaise de Presse