02/09/2026
Kuri uyu wa 01/9/2026, ubushikiranganji bw'ibidukikije, uburimyi n'ubworozi bwaragize urugendo mu bibanza bitandukanye vyo kwegeranirizwamwo no kubika imicafu mu makomine ya Ntahangwa na Mukaza, mu Buyenzi, Ruvumera, Ku Mase, Kinyankonge no kw'isoko ya COTEBU.
Urwo rugendo ikaba ari intambwe ya mbere mu ngendo zitegekanijwe mu ntumbero yo gutora inyishu zirama Ku micafu idatunganywa neza.
Muri urwo rugendo haribonekeje ibibazo bihambaye vyerekeye imicafu idatunganywa neza, irengerwa ry'ibikoresho rusangi vyo kubikamwo imicafu ,
amazi atosekaye harimwo n'ayava mu mu bibanza vy'ubwiherero, asukwa mu mifurege no mu nzuzi hama akinjira mu kiyaga Tanganyika.
Gutunganya neza
imicafu ni igikorwa co gukingira amagara y'abantu hamwe n' ibidukikije. Umwenegihugu wese akwiye kwumva ko ari uruhara rwiwe.
Inyuma y'urwo rugendo, ubushikiranganji bw'ibidukikije, uburimyi n'ubworozi bwarakoranije kubiro vyabwo biri Ibujumbura, abategetsi bo ku nzego z'ibanze hamwe n'abaserukira ibisata bitandukanye birabwa n'ico kibazo, kugira bahanahane ivyiyumviro ku bikorwa bikwiye kurangurwa,mu gukomeza isuku n'isukura mu igisagara.
Twibutse ko gutunganya neza imicafu k**a, iya pulasitike, n'iyindi ari uruhara rwa bose. Umwe wese ategerezwa kugira ico aterereye.