06/06/2026
: Buramatari w’Intara ya Butanyerera yibukije indongozi zo ku rwego rwohasi uruhara rwazo mu gutunganiriza abenegihugu no gutatura amatati
Mu ntumbero yo gukomeza no gutsimbataza intwaro ibereye no kwibukanya uruhara rw’indongozi zo kuva ku rwego rwo hasi mu gutunganiriza abenegihugu, kubashira ku kivi no gutatura amatati yo mu kibano, Buramatari w’Intara ya Butanyerera, Gén. Bde Pol Victor Segasago, yagendeye kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 04 Ruheshi 2026, amazone ya na yo muri Komine Kiremba.
Izo ngendo ziri murukurikirane rwo kugendera ama zone yose agize Intara ya Butanyerera, zikaba zigamije gukomeza nokwerekana ubushobozi bw’indongozi zo ku rwego rwo hasi mu kurangura neza amabanga zashinzwe, no gusigurira abenegihugu uruhara rwabo mu gushigikira urugendo rw’Uburundi rugana ku mbonakazoza y’Igihugu cifashe kandi giteye imbere 2040-2060.
Mu majambo yashikirije abenegihugu n’indongozi zari ngaho, Buramatari w'intara ya Butanyerera Gén Bde Pol Victor Segasago yamenyesheje ko umutumba ari wo shingiro ry’iterambere rirama, anashimangira ko umukuru w’umutumba ategerezwa kuba ijisho ry’abenegihugu n’inzira ibaroresha kw’iterambere rirama. Yibukije kandi ko indongozi zo ku rwego rwohasi cane cane bamwe bakunze kwita Nyecumi, zifise uruhara ntangere mu gutunganiriza abenegihugu no gutatura amatati yo mu kibano, kuko ari zo zegereye abanegihugu kandi zikanamenya neza n'ibibazo bibahanze ku musi ku musi.
Agaruka ku ntunganyo nshasha y’intwaro, Buramatari w’Intara ya Butanyerera yamenyesheje ko iyo ntambwe igamije kwegereza ubutegetsi abenegihugu, ari na co gituma indongozi zo hasi zisabwa gufata iya mbere mu gukurikiranira hafi ibibazo vy’abanegihugu no kubitorera inyishu hisunzwe amategeko. Yabasavye kandi gukomeza gusigurira abenegihugu amateka n’amategeko kugira bayamenye kandi bayakurikize.
Ku bijanye n’Imbonakazoza y’Uburundi, Buramatari Segasago yibukije ko intumbero nyamukuru ari uguhindura imibereho y’abenegihugu. Yabahamagaririye rero kuduza umwimbu mu bisata vyose vy’ubuzima bw'igihugu, cane cane mu burimyi n’ubworozi, biciye mu gukoresha imbuto zirobanuye, gukingira isi ndimwa, gushira hamwe amatongo, gukoresha ubuhinga bwa kijambere no kwijukira ubworozi bw’ibitungwa bitobito.
Yasavye kandi abenegihugu kubungabunga amagara yabo, mu kwirinda akaborerwe n’izindi ngeso mbi zishobora kubasubiza inyuma, hamwe no kwijukira Kuja mu mashirahamwe yo gufashanya mu kwivuza kugira bakingire amagara yabo n’ay’imiryango yabo.
Ku bijanye n’umutekano, Buramatari Segasago yibukije ko ari wo karahara mu ruganda ntibacure mw’iterambere. Yasavye abenegihugu, na canecane abo mu bice bihana urubibe n’Igihugu c’Urwanda, kuguma bari maso mu gucungera umutekano no gukurikirana uruja n’uruza rw’abantu biciye mu gutunganya neza udukaye tw’umuryango. Yabatumiriye kandi gukorana neza n’inzego zijejwe umutekano mu kurwanya urudandazwa rutemewe n’amategeko, kuko ruri mu bibangamira cane iterambere ry’Igihugu.
Muri izo ngendo zagizwe mu ma zone ya Birambi na Nyamurenza, Buramatari w’Intara ya Butanyerera yaboneyeho akaryo ko guhimiriza abenegihugu kuvavanura n’ingeso yo kugurisha amatongo y'imiryango, ashimangira ko iyo ngeso ituma ubukene mu miryango bw'iyongera kubwiwe akabona mbere ko umuntu agurisha itongo aba ariko ariyaka ubwenzgihugu.
Yabahamagaririye kandi kubungabunga amasoko no kurwiza ibikorwa bishasha bitanga akazi n’inyungu rusangi, mu ntumbero yo guteza imbere imiryango n’Igihugu muri rusangi.
Buramatari Segasago yasozereye ahamagarira indongozi zose n’abenegihugu bose gukomeza gukorera hamwe, mu bumwe, mu kwubahana, kugira Intara ya Butanyerera n’Uburundi bwose bibandanye gutera intambwe igana ku majambere arama.