L'education chute au Burundi pour quoi?

L'education chute au Burundi pour quoi? Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from L'education chute au Burundi pour quoi?, Public School, +25779422995, Mugamba.

01/02/2026
ÉDUCATION !!!Hamaz'imisi havugwa ivy'abigisha barezi bakubitwa! Mwibaza ko ari vyose bivugwa? Muri Kino gice cambere nye...
09/12/2025

ÉDUCATION !!!

Hamaz'imisi havugwa ivy'abigisha barezi bakubitwa! Mwibaza ko ari vyose bivugwa?
Muri Kino gice cambere nyene A/S: 2025-2026, umuyobozi w'ishure rya Lycée sainte famille de Minago (DCE RUMONGE) yakubitiwe kwi drapeau n'umunyeshure w'umwigeme yiga muri postfondamental.

Inyuma y'aho gatoya, kuri Lycée Technique de Bitare(DCE RUMONGE) umurezikazi yariko aragira surveillance d'une évaluation yakubisw n'umunyeshur w'umuhungu ngo nuko amufashe ariko ariba ikibazo( tricherie).Ivyo biri uko mugih mu mwaka uheze hari umunyeshure yakubise umurezi kuri ECOFO BITARE II.

Ivyo rero ni uko vyamenyekanye, ibihorwa ni vyinshi.

Bamwe n'abandi baribaza bâti mbega ako gakengerwe umwigisha asigaye akorerwa ntikoba gatumwa n'ukuntu abarerwa babona ubuzima bubi cane umwigisha abayemwo.
Mbega hokorwa iki? Cokorwa nande? Mille et une question.

09/12/2025

ref
Mwalimu ewe Mwalimu
Mwalimu aho wama mu rugendo
Mwalimu aho uri warakoze

Ukiri umwana yagufata ukubokooo
uriko urandika harya ku kibaho
ngo bikunde uzovemwo umugabo

réf

Abavyeyi baravyara bagaheka
bacutsa bagahereza mwarimu
akarera akageza mu bigero

réf

Abasoda be n'abaporisi
birirwa barakorera igihugu
Bose baciye kwa Mwalimu

ref

Abacamanza be n'abo baganga
abategetsi bose b'ibihabgange
Bose baciye kwa Mwalimu

Mundamukurize Gaspard Kobako n'uyo mutama yatuvuganiye cane

_______________________

Reka kwitiranya

Reka ,reka kwitiranya
umwarimu n'abandi bakozi ba Reta
kuko niwe wenyene
aba yarabigishije

1 . Kuva hasi uja hejuru
canke hejuru uja hasi
mu bisata vyose vy'ubuzima bw'igihugu
urufatiro ni mwalimu

réf

2. usivye igikorwa ciwe
c'ubwigisha ,asanzwe ari muvyeyi atanga indero ntahinyuzwa

ref

baza muganga arakubwira
baza patiri arakubwira
baza abavyeyi barakubwira
ndetse n'abana barakubwira

Réf

Ngo inyundo irakura ariko ntisumba iyayujuje,
N'igitugu kirakura ariko ntigisumbe izosi

réf

Mukampere ba nyakubahwa bose babaciye imbere.

composée et écrite par

Nshimirimana Oscar l'enseignant à l'ECOFO MURAGO

+25768890652

Address

+25779422995
Mugamba

Telephone

+25779422995

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when L'education chute au Burundi pour quoi? posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share

Category