15/04/2025
Umunyamabanga w'umugambwe Cndd-Fdd mu ntara ya , Umushingamateka aherekejwe n'umunyamabanga mu ntara ajejwe iterambere mu mugambwe CNDD-FDD yagendeye kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2025 abagumyabanga bo muri zone kugira barabire hamwe ingene bokwitegurira gutsinda ku majwi ashimishije mu matora yimirije.
Mw'ijambo ry'ikaze, umunyamabanga w'umugambwe CNDD-FDD muri komine yashikirije uko ubuzima bw'umugambwe muri iyo komine butunganije na cane cane mu kwitegurira gutahukana intsinzi itagabanije mu matora yimirije.
Umunyamabanga w'umugambwe CNDD-FDD mu ntara Umushingamateka , kugira iyo zone izoronke amajwi ashimishije mu matora, yasavye abagumyabanga canke abakunzi b'umugambwe CNDD-FDD kwirinda guhemuka kubera akamanyu k'umutsima. Yahamagariye indongozi mu mugambwe canke mu ntwaro kugira inyifato nziza imbere y'abo barongoye mu kubabera abasuku beza no mu kwirinda kubanunuza kuko ngo ivyo arivyo biheza bikaba ingaruka mbi iyo hegeze amatora maze bigatuma indongozi itsindwa ku mutumba ivukako kuko baba bayikuyeko icizere,
Umunyamabanga w'umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Gitega yagutse yahamagariye imvukira basanzwe bakorera imirimo yabo mu bundi burere, yabahamagariye kwitabira cane inama zo mu bucimbiri kuko ari yo ngendo nziza yo kwegera abagumyabanga no gukomeza umugambwe n'iterambere ry'aho bavuka.
Cndd Fdd Gitega