11/08/2026
CNDD-FDD : Kuvomera amavoka, uruhara rw’abakenyerarugamba mw'iterambere
Kuri uyu wa mbere w'igenekerezo rya 10 Myandagaro 2026, Umunyamabanga ajejwe imihari mu Ntara ya Butanyerera , yateye iteka ibikorwa vyo kuvomera amavoka y’abakenyerarugamba vyabereye ku mutumba wa muri Zone .
Ico gikorwa catunganijwe n’urwego rw’abakenyerarugamba rwo mu mazone 20 agize Komine Kirundo, mu ntumbero yo gukomeza gukurikirana no kubungabunga amavoka bateye.
Umunyamabanga w’Umugambwe CNDD-FDD muri Komine Kirundo , mw’ijambo ryo kwakira umush*tsi yavuye mu buserukizi bw'umugambwe CNDD-FDD mu ntara yashimye uruhara rw’abakenyerarugamba bo muri Zone Vumbi, avuga ko bari ku kivi kandi ibikorwa vyabo bigaragara. Yamenyesheje ko bamaze gutera ibitara bibiri vy’amavoka kandi ko bariko barakurikirana neza igikorwa co kuyavomera.
Yabasavye kubahiriza iminsi yo kuvomera, kugira ngo amavoka yose abungabungwe neza kandi ntihagire na rimwe ryuma.
Mu majambo yiwe umunyamabanga ajejwe imihari mu ntara, yashimye uburyo Komine Kirundo yakiriye umugambi wo gutera amavoka menshi no kuyakurikirana mu kuyavomera. Yashimiye kandi ubuserukizi bw’Umugambwe CNDD-FDD muri Komine Kirundo ku bwitange buriko buragaragara muri ivyo bikorwa vyo kubungabunga amavoka.
Yashimiye vy’umwihariko abakenyerarugamba bo muri Komine Kirundo ku ruhara bagize mu gutera no gukurikirana amavoka.
Yashimangiye ko ibikorwa vyo gutera no kuvomera amavoka bikwiye gukorwa n’ubwitange bw'umuntu wese atawuvuyemwo, kuko ari kimwe mu bikorwa bigamije guteza imbere imiryango n’igihugu. Yasavye ko ata muntu akwiye gusigara inyuma muri urwo rugamba rw’iterambere, kandi ko amavoka akwiye kwitabwaho neza kugira ngo azotange umwimbu mwishi.
Inyuma y’igikorwa co kuvomera amavoka, Umunyamabanga ajejwe imihari mu Ntara ya Butanyerera yagiranye ikiganiro n’abakenyerarugamba b’indongozi hamwe n’abakorera Reta.
Yabahaye impanuro zijanye no gukomeza imiryango no guteza imbere imibereho yayo, ashimika ku kamaro k’isuku n’isukura, hamwe no kurwanya nyakatsi yo ku buriri no ku nzu.
Yasozereye yibutsa indongozi zo mu ntwaro akamaro ko kwitabira ibikorwa vyo kuvomera no kubungabunga amavoka.
Igikorwa casozerewe no guhanahana ibitungwa, nk’uko uwo mugambi umaze iminsi utangijwe n'abakenyerarugamba biyo komine, mu ntumbero yo gufasha imiryango kuronka ifumbire y’amavoka no guteza imbere ubworozi.
Muri ico gikorwa, Umunyamabanga ajejwe imihari mu Ntara ya Butanyerera yahawe impene n’abakenyerarugamba bo muri Komine Kirundo, nk’agashimwe kaho abashigikira, akubaha impanuro mu bikorwa vy’iterambere.
Abakenyerarugamba bavuze ko impanuro bahawe zabafashije guhindura imikorere yabo, bakaba biteguye kubandanya ibikorwa vy’iterambere. Nyuma yico gikorwa haciye haba isangira mutima.