03/08/2026
๐๐๐๐๐๐ฎ ๐๐ฏ๐๐๐๐บ๐ฎ ๐ฏ๐'๐ถ๐บ๐ถ๐๐ถ ๐บ๐ ๐บ๐ฎ๐๐๐ฟ๐ถ๐ฟ๐ผ ๐ป'๐ถ๐ฏ๐ถ๐๐ฎ๐ฟ๐ผ ๐ต๐ฎ๐บ๐๐ฒ ๐ป๐ผ ๐ธ๐๐ฎ๐ธ๐ถ๐ฟ๐ฎ ๐ป๐ฒ๐๐ฎ ๐ฎ๐ฏ๐ฎ๐ฟ๐๐ฎ๐๐ถ ๐ป๐ถ ๐๐ถ๐บ๐๐ฒ ๐บ๐ ๐ป๐๐ฎ๐บ๐ฏ๐๐ฒ ๐๐ผ๐๐๐บ๐ฎ ๐ถ๐ด๐ถ๐๐ฎ๐๐ฎ ๐ฐ'๐ฎ๐บ๐ฎ๐ด๐ฎ๐ฟ๐ฎ ๐'๐ฎ๐ฏ๐ฎ๐ป๐๐ ๐ด๐ถ๐๐ฒ๐ฟ๐ฎ ๐ถ๐บ๐ฏ๐ฒ๐ฟ๐ฒ
Abakozi bose bo mu gisata c'amagara y'abantu muri komine bahamagarirwa gutonda kare ku kazi, gusenyera ku mugozi umwe, gukunda igihugu hamwe n'abenegihugu bavura. Ni zimwe mu mpanuro batekerewe na Musitanteri mu nama yakoranye n'abo kuri uyu wa 3/8/2026 mu ntumbero yo kumenya ibibazo bihanze ico gisata c'amagara y'abantu hamwe no gutorera hamwe umuti urama.
Bimwe mu bibazo vyashikirijwe ko bihanze igisata c'amagara y'abantu ni amazu adandaza imiti ( ) ashaka gukora nk'amavuriro mu gihe akazi kayo ari kudandaza gusa imiti bisunze impapuro umurwayi akuye ku bitaro ( ), ama pharmacies akora atampapuro zemewe n'amategeko afise canke agakoresha iza magendo, ubusuma bw'imiti muma hamwe no mu mavuriro ikajanwa kudandazwa mu bigenga ( ), abavuza imiti k**a batembera mu bice bitandukanye bemeza abenegihugu ko bavura indwara zose (Kandi bidashoboka)hamwe n'ivyumba vy'amasengesho vyakira abagwayi aho kubarungika ku bitaro.
Inyuma yo guca hirya no hino ivyo bibazo hamwe n'izindi ntambamyi zashikirijwe n'abakorera mu mavuriro ya Reta, ayigenga, ayegamiye amadini, abavuza imiti k**a hamwe n'abadandaza imiti ( ), iyo nama yari irongowe na Musitanteri yapfunditse ibi bikurikira mu ntumbero yo guteza imbere ico gisata c'amagara y'abantu :
โ
1. Hashinzwe umugwi, muri buri zone, ugiye gusuzuma amazu yose adandaza imiti ( ) kugira ngo abakora ataburenganzira bafise hamwe n'abafise impapuro za magendo bugarirwe. Uwo mugwi uzoba ugizwe n'umukuru wa zone, hamwe n'indongozi 3 zo mu gisata c'amagara y'abantu ku rwego rwa komine, akarere k'ubuvuzi no muri zone;
โ
2. Mu kiringo kitarenze ukwezi (Kugeza le 5/9/2026), igisata c'amagara y'abantu muri komine kigiye kwegeranya ibiharuro, ku mitumba yose, vy'ingo zitagira utuzu twa surwumwe. Inyuma y'iyo rusansuma hazobaho guhimiriza abadafise ubwiherero kugira nabutegekanye kandi babukoreshe neza maze abazokwica amatwi bahanwe;
โ
3. Gushengeza imbere y'ubutungane abaganga batanga ibiharuro bitarivyo hamwe n'abanyuruza imiti igenewe kuvura abenegihugu bakaja kuyigurisha ku bigenga;
โ
4. Abarogoye uburere bw'ubuvuzi biyemeje gukurikiranira hafi uko uburyo bw'ibitaro n'ama bukoreshwa mu ntumbero yo kurwanya isesagurwa n'inyuruzwa ry'ubutunzi bwa Reta;
โ
5. Hagiye gushingwa umugwi wiga ukongera ukanonosora uburyo komine yoshira mu ngiro umugambi wo kuronsa buri zone imodoka ya Rusehabaniha hatarenze mu mwaka w'amafaranga uza;
โ
6. Kwakira neza abarwayi bitura amavuriro n'ibitaro bitandukanye;
โ
7. Ntamiti idandarizwa mw'ibarabara; iyi ngingo iraba abadandaza imiti k**a bagenda barasemerera mu binyamajwi. Abarongoye amazone bahamagarirwa kubahagarika bagahanwa. arongoye akarere k'ubuvuzi ka Rumonge ahamagarira abavuza imiti k**a bafise impusha gutunganya neza aho bakorera no kuhamenyekanisha kugira ngo boroherwe kubagendera no gukorana nabo.
โ
8. Ama pharmacies abwirizwa gukora yisunze amategeko ayagenga_Adandaze imiti yisunze Ordonnance_mรฉdicale; yirinde gusubirira amavuriro;
โ
9. Intwaro yiyemeje guhimiriza abadandaza bo mu Rumonge ngo bijukire gusohora facture รฉlectronique yemewe na kugira ngo abo mu buzi bwa Reta (Cane cane Amavuriro n'ibitaro) baroherwe kugura ibikoresho bakenera. Mwomenya ko benshi mu badandaza batungwa agatoke ko banka gutanga inyemezabuguzi yemewe na OBR kandi isabwa iyo amahera ya Reta akoze mu kugura ibintu;
โ
10. Abagenduzi mu gisata c'amagara y'abantu basabwa kuja kukivi, bak**a bamenyesha intwaro ibikorwa bateguye ndetse n'inyuma y'ivyo bikorwa ivyegeranyo bigashikira Musitanteri kugira ngo yame azi intambwe ziriko ziraterwa mw'iterambere ry'gisata c'amagara y'abantu;
โ
11. Gusinya contrats de performance mu gisata c'amagara y'abantu.
Mwomenya ko bimwe mu bisabo vy'abavuza imiti k**a bitavye iyo nama ari uko amavuriro n'ibitaro vyoza birabarungikira abarwayi bigaragaye ko bovurwa n'imiti k**a nk'uko ngo nabo babikora iyo bakiriye umuntu babona ko arwaye indwara yo kwa muganga.